Reta ya Nigeria yatangaje ko izosaba Afrika y’Epfo gutanga inshumbusho ku banyagihugu bayo baherutse kuva muri ico gihugu bahunze imyiyerekano irwanya abimukira bahaba badafise ivya ngombwa vyemewe n’amategeko.
Umuvugizi w’Ubushikiranganji bwa Nigeria bw’imigenderanire, Kimiebi Imomotimi Ebienfa, yabwiye BBC ko ico kibazo kizoganirwako hagati y’amareta y’ibihugu vyompi "ku rwego rwo hejuru cane."
Avugira kuri imwe mu mboneshakure zo muri Nigeria ku wa kabiri, umuserukizi w’imfatakibanza w’ico gihugu muri Afrika y’Epfo, Alexander Ajayi, yavuze ko reta ya Nigeria yatanguye gukora urutonde rw’imitungo n’ubundi budandaji vyasizwe n’abanyagihugu bayo bahunze.
Umudandaza umwe w’Umunyanigeria akirindiriye gutahukanwa, yabwiye BBC ko yari amaze hafi imyaka cumi aba muri Afrika y’Epfo. Yemeza ko yataye urudandazwa rwiwe n’inzu yabamwo kubera gutinyira umutekano wiwe.
Oghodero Erejor Wilson, afise imyaka 32, yavuze ko ariko aratakaza “ikintu cose kubera ubwoba."
Yongerako ati: "Nasize ibintu vyose mu nzu yanje harimwo n’impuzu."
Wilson ari mu majana y’abanyagihugu baturuka muri Nigeria bakirindiriye gukurwa muri Afrika y’Epfo. Mu mayinga aheze, abarenga 600 ni bo bashoboye gutahukanwa muri Nigeria.
Abategetsi ba Afrika y’Epfo bavuga ko abo bamaze gusubizwa iwabo ari ababa muri ico gihugu mu buryo buteye kubiri n’amategeko. Ariko reta ya Nigeria ivyamirira kure.
Mu mayinga ya vuba, abantu bababa 25.000 baturuka mu bihugu bitandukanye vya Afrika ni bo batahukanywe bava muri Afrika y’Epfo inyuma y’urukurikirane rw’imyiyerekano y’imirwi yasaba reta gufata ingingo zikomeye zo kugabanya ubwimukira budakurikije amategeko.
Leave a Reply
Your email address will not be published. Required fields are marked *